Burkina Faso yirukanye abakozi bo mu buserukizi bw'Ubufaransa

Kuva Kapiteni Ibrahim Traoré afashe ubutegetsi mu 2022, Abafaransa batari bake bakora mu buserukizi bw’Ubufaransa baramaze kwirukanwa mu gihugu.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Kuva Kapiteni Ibrahim Traoré afashe ubutegetsi mu 2022, Abafaransa batari bake bakora mu buserukizi bw’Ubufaransa baramaze kwirukanwa mu gihugu

Burkina Faso yirukanye abakozi batatu bo mu buserukizi bw’Ubufaransa muri ico gihugu, ibagiriza kugira uruhara mu "bikorwa vyo guhungabanya umutekano w’igihugu", nk’uko bitangazwa n’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Burkina Faso n'amakungu, mu rwandiko bwarungikiye Ubufaransa.

Uru rwandiko rwo ku wa 16 Ndamukiza (4) ntiruvuga ibi bikorwa ivyo ari vyo.

Aba bakozi bo mu buserukizi barimwo abahanuzi babiri mu vya poritike ku biro vy’ubuserukizi bw’Ubufaransa ku mugwa mukuru, Ouagadougou, bategetswe "kuva ku butaka bwa Burkina Faso mu masaha atarenga 48”.

Imigenderanire hagati ya Burkina Faso n’Ubufaransa bwahoze burongoye ico gihugu mu gihe c’ubukoloni yaratosekaye kuva Kapiteni Ibrahim Traoré ashitse ku butegetsi abanje gutembagaza intwaro muri Nyakanga (9) 2022.

Ubutegetsi bwa gisirikare bwaciye bwiyegereza Uburusiya, maze ubucuti bwa hafi Burkina Faso yari ifitaniye n’Ubufaransa burarangira.

Ku butegetsi bwiwe, Abafaransa batari bake bakora mu buserukizi bw’Ubufaransa baramaze kwirukanwa mu gihugu kandi n’ikigo ca gisirikare c’Ubufaransa muri ico gihugu co muri Afrika y’Uburengero, kirugarwa.